Ndayizeye Benjamin mu rugendo rw’akazi muri zone Ninga
Butanyerera, 11/02/2026 (BdiAgnews) – Mu rwego rw’ingendo ziriko zirakorwa n’ubuserukizi bw’umugambwe CNDD-FDD muri komine Matongo, Ndayizeye Benjamin, umwe mu barongoye uwo mugambwe, yarabandanyije urugendo rugamije kugendera imitumba yose igize komine. Kuri uno wa 11 Ruhuhuma, yamaze umunsi wose muri zone Ninga, mu ntumbero yo kwegera abenegihugu no gukomeza indero ya politiki ku rwego rw’imitumba. Nk’uko amakuru yatanzwe abivuga, imitumba 51 kuri 89 ni yo imaze kugenderwa, kandi izo ngendo zizobandanya gushika imitumba yose igenderwe.
Mu muco w’Abarundi, politiki yari ishingiye ku bufatanye no ku masezerano hagati ya miryango n’amaruko. Mu 1959 ni ho, biciye ku tegeko ry’umukoloni w’Umubiligi, hafashwe ingingo yo guhindura ayo mategeko no guhatira Abarundi gukora politiki biciye mu migambwe, bituma sosiyete y’Uburundi iva ku muco w’Ubuntu, uw’“twebwe”, yinjira mu buryo bw’ikiriberari bushira imbere “je”.
Ibitabu vyifashishijwe :
– Nahimana Karolero Pascal, Histoire du Burundi : Les grandes dates de l’histoire des Barundi et de l’État millénaire africain – Ingoma y’Uburundi, Bruxelles, Génération Afrique, 2024.
Amasoko : Nahimana P., http://burundi-agnews.org, Ku wa Kane 19 Ruhuhuma 2026 | Ifoto : Simeon N.