Ubutumwa bwo kumukeza bwatanzwe na Ndayubaha Angéline ari kumwe n’abana
Bujumbura, 14/02/2026 (BdiAgnews) – Inyuma y’itorwa ry’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Général-Major Ndayishimiye Évariste, ku buyobozi bw’Ubumwe bwa Afurika mu kiringo c’umwaka umwe, Umupfasoni wiwe, Nyenicubahiro Ndayubaha Angéline, ari kumwe n’abana, yaratanze ubutumwa bwo kumukeza ku mugaragaro. Muri iryo jambo, yashimye ayo mabanga mashasha yahawe ku rwego rw’umugabane w’Afurika, amwipfuriza kuzororanirwa mu mabanga mashasha yizewemwo, asaba Imana kumuha inkomezi, ubukerebutsi n’amagara meza kugira arangure neza, n’ubwira n’umwete, ibikorwa azokorera Afurika n’abanyagihugu bayo.
Amasoko : Nahimana P., http://burundi-agnews.org, Ku wa Gatanu 20 Ruhuhuma 2026 | Ifoto : Ndayubaha Angéline