Burundi : Lyca Mobile yongera ubufatanye mu TIC no mu buzima

UBUTUNZI, TIC, UBUZIMA, UGUSHORERA, UA

Umukuru w’Igihugu yakiriye umushingantahe wa Lyca Group

Bujumbura, 27/02/2026 (BdiAgnews) – Umukuru w’Igihugu c’Uburundi kandi akaba ari Perezida w’Ubumwe bwa Afurika mu kiringo kiriko kiragenda, Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste, Général-Major, yakiriye mu biro iwe Mr Subaskaran Allirajah, Perezida akaba n’uwashinze Lyca Group, ari kumwe n’intumwa ziwe, baganira ku gukomeza ubufatanye hagati ya Lyca Mobile na Leta y’Uburundi ; biciye muri Lyca Mobile na Lyca Health, uwo mushoramari yamenyesheje ko yiteguye gushigikira Ibonakazoza 2040-2060, cane cane mu guteza imbere urwego rw’itumanaho n’ikoranabuhanga (TIC) hamwe n’urwego rw’ubuzima, mu ntumbero yo gushika ku kwagura serivisi z’ubuzima kuri bose no gukomeza ibikorwa remezo vy’ikoranabuhanga mu gihugu.

 

Amasoko : Nahimana P. : http://burundi-agnews.org, Ku wa Gatanu 27 Ruhuhuma 2026 | Ifoto : Ntare Rushatsi House

TICUAUBUTUNZIUBUZIMAUGUSHORERA