Burundi : Ibikorwa vyo kwigina intsinzi vyasozerewe i Rumonge

POLITIKE, UMUGAMBWE, UBUMWE, ITERAMBERE

Insiguro ngufi : Kwishimira imigambi yaranguwe n’Umukuru w’Igihugu

Burunga (Rumonge), 28/02/2026 (BdiAgnews) – Ibikorwa vyo kwigina intsinzi no gushimira Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye Evariste ku migambi myiza yaranguriye mu makomine agize Burunga vyasozerewe muri Komine Rumonge, bikaba vyatewe iteka na Nzikoruriho Sylvain , Umunyamabanga wa CNDD-FDD mu ntara ; ivyo birori vyari bigamije gushimangira ubumwe, gushigikira ibikorwa vy’iterambere vyaranguwe no gukomeza ugukangurira abanyagihugu kugira uruhara mu mugambi w’igihugu wo kwiteza imbere.

Amasoko : Nahimana P.: http://burundi-agnews.org, Ku wa Mungu 01 Ntwarante 2026 | Ifoto : CNDD-FDD BURUNGA

 

ITERAMBEREPOLITIKEUBUMWEUMUGAMBWE