Burundi / UA : Inama y’ubuhuza ku mahoro muri RDC

DIPLOMASI, UA, AMAHORO, RDC

Ndayishimiye yakiriye Mokgweetsi Masisi i Kiriri

Bujumbura (Ingoro ya Kiriri), 02/03/2026 (BdiAgnews) – Umukuru w’Igihugu c’Uburundi kandi ari na we arongoye Ubumwe bwa Afurika muri iki gihe, Nyenicubahiro  Ndayishimiye Evariste, yakiriye intumwa zari zirongowe n’uwahoze ari Umukuru w’Igihugu ca Botswana Mokgweetsi Masisi, umwe mu bagize umurwi w’abahuza ba UA ku bijanye n’amahoro muri Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC) ; muri iyo nama, Umukuru w’Igihugu yagarutse ku gushigikira umugambi wa UA witwa « Guhagarika amasasu », umwe mu migambi nyamukuru iri mu bikorwa vy’ubuyobozi bwiwe muri UA, yongera ashimangira ko Uburundi bwiyemeje kugira uruhara mu gushaka umuti w’amahoro ku kibazo kiri mu burasirazuba bwa RDC ; ivyo biganiro vyabaye kandi mu rwego rw’ubuhuza bwashinzwe Umukuru w’Igihugu ca Togo Gnassingbé Faure na UA, aho habaye ugusuzuma ingingo n’inzira zishobora gukomeza imigambi iriho kugira ngo amahoro arambe muri ako karere.

Amasoko : Nahimana P.:  http://burundi-agnews.org, Ku wa Gatatu 04 Ntwarante 2026| Ifoto : Ntare Rushatsi House

AMAHORODIPLOMASIRDCUA