Urugendo rwa diplomasi i Arusha
Arusha (Tanzaniya), 2026 (BdiAgnews) – Umuserukizi w’Uburundi Nyamitwe Willy ari kumwe n’Umuserukizi w’Uburundi muri Tanzaniya Nzeyimana Léontine bagendeye Umukuru w’Urukiko rwa Afurika rujejwe uburenganzira bwa muntu n’abenegihugu, umucamanza Tchikaya Blaise, i Arusha, aho baganiriye ku gukomeza ubufatanye hagati y’Uburundi n’inzego z’ubutungane za Afurika ; muri uwo mwanya nyene, Nyamitwe yashikirije ubutumwa bw’indamutso mu birori vyo gutangura umwaka w’akazi w’urwo rukiko mu 2026 hamwe n’ugufungura ibikorwa vyo kwibuka imyaka 20 uru rukiko rumaze rukora, ibirori vyitabiriwe n’abategetsi batandukanye bo ku mugabane wa Afurika harimwo n’Umukuru w’Igihugu ca Ghana Dramani Mahama John.
Amasoko : Nahimana P. : http://burundi-agnews.org, Ku wa Gatatu 04 Ntwarante 2026 | Ifoto : Burundi Embassy in Addis Ababa