ARMC yerekanye ivyaranguwe mu myaka ibiri
Bujumbura, 04/03/2026 (BdiAgnews) – Ikigo kijejwe kugenzura isoko ry’imari n’imigabane mu Burundi (ARMC) casohoye icegeranyo cerekana ivyaranguwe mu myaka ibiri iheze, aho mu vy’ingenzi harimwo gutanguza ku mugaragaro isoko ry’imigabane ry’Uburundi mu Kigarama 2025, iryo soko rikaba rigamije gukoranya amahera y’abashoramari bo mu gihugu no hanze mu buryo butomoye kandi bugengwa n’amategeko ; nk’uko vyasiguwe n’Umuyobozi Mukuru wa ARMC Mugenzi Arsène, iyo myaka ibiri yafashije gushiraho amategeko n’inzego zikenewe kugira iryo soko rikore neza, harimwo gutegura amategeko agenga iryo soko, gukomeza uburyo bwo kurikurikirana no gukangurira abanyagihugu kurimenya biciye mu biganiro vyabereye mu ntara zitandukanye bifatanije na Banki Nkuru y’Uburundi (BRB) hamwe n’Isoko ry’Imigabane ry’Uburundi ; ARMC iriko irategura intumbero nshasha zo gukomeza gukurura amashirahamwe ya Leta n’ayigenga kugira aronke uburyo bwo kurondera amahera ku isoko ry’imari, guteza imbere amashirahamwe y’intara mu gukoresha imigabane canke ingwati z’amafaranga, gukomeza inyigisho ku bijanye n’imari, kwongereza ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none no gukurura abashoramari bo mu karere no ku rwego mpuzamakungu kugira isoko ry’imari ry’Uburundi rikomeze gukura no kwinjira neza mu bukungu bw’akarere.
Amasoko : Nahimana P. : http://burundi-agnews.org, Ku wa Kane 05 Ntwarante 2026 | Ifoto : RTNB