I Bogotá, abakuru b’ibihugu bibiri baganiriye ku gukomeza imigenderanire hagati y’abanyagihugu bo muri Afrika na Amerika y’Epfo.
Bogotá, 21/03/2026 (BdiAgnews) – Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Ndayishimiye Évariste, yakiriwe ku wa 21 Ntwarante 2026 mu Ngoro y’Umukuru w’Igihugu i Bogotá na mugenzi we w’igihugu ca Kolombiya, Petro Gustavo, aho bagiranye ibiganiro ku bijanye no gushiraho urwego rutomoye rw’ibiganiro n’ubufatanye hagati y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Amerika y’Epfo na Karayibe (CELAC) hamwe na Afrika ; abo bategetsi bombi bashimangiye ko hari amateka n’imico bihuje abanyagihugu bo muri ayo makarere abiri, basaba ko hokomeza gutezwa imbere uguhanahana ivyiyumviro n’ubufatanye bushingiye ku bumwe, ku bufashanye hagati y’ibihugu vyo mu bumanuko (Sud-Sud) no ku gukomeza imigenderanire ya dipolomasi mu gihe isi iriko irahinduka igana ku buryo bw’ibihugu vyinshi (multipolaire) ; nk’abarongoye Ubumwe bwa Afrika na CELAC muri iki gihe, abo bakuru b’ibihugu baranahurije ku vy’uko hokwotegurwa inama ihuza UA na CELAC, kugira hashirweho imizi y’ubufatanye bukomeye kandi buramba hagati y’ayo mashirahamwe abiri.
Amasoko : Nahimana P.: burundi-agnews.org, Ku wa gatandatu 21 Ntwarante 2026 | Ifoto : Ntare Rushatsi House