Ibirori vyabereye ku cicaro ca COMIBU vyashimangiye ubufatanye hagati y’inzego za Leta n’Abaislamu.
Bujumbura, 24/03/2026 (BdiAgnews)- Umushikiranganji w’Ubutare, Amasoko ntanganguvu, Ubudandaji n’Ingenzi, Kibeya Hassan, yifadikanije ku wa 24 Ntwarante 2026 n’umuryango w’Abaislamu mu Burundi mu birori vyabereye ku cicaro gikuru ca COMIBU kiri i Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura, aho habaye umwanya wo gutsimbataza ubucuti no kwubaka ubufatanye hagati y’inzego za Leta n’abemera idini ya Islamu ; ivyo birori vyagaragaje intumbero yo gukomeza ubumwe bw’Abarundi, gutsimbataza imigenderanire myiza hagati y’imiryango igize igihugu hamwe no guteza imbere iterambere biciye mu bufatanye hagati y’amadini n’inzego za Leta.
Amasoko : Nahimana P.:burundi-agnews.org, Ku wa gatatu 25 Ntwarante 2026 | Ifoto : Bujaprov, mrmeict