Ukutumvikana ku bijanye n’uburyo bwakoreshejwe n’ugutera amajambo hagati y’impande zibiri inyuma y’ihagarikwa ry’ugutora mu buryo bwa “silence” muri UA
Addis-Abeba (Ethiopia), 27 Ntwarante 2026 (BdiAgnews) – Ugutsindwa kw’uburyo bwa “silence” bwari bwatangujwe na Komisiyo y’Ubumwe bwa Afurika (UA) mu gushigikira kandidatire ya Macky Sall ku kibanza c’Umunyamabanga Mukuru wa ONU, kwatumye haba ukutumvikana gukomeye mu bijanye n’imigenderanire ya dipolomasi hagati y’u Rwanda n’Uburundi, inyuma y’uko ibihugu mirongo ibiri vya UA, harimwo na Sénégal, bihagaritse muri masaha atarenze 24 ubwo buryo bwo kwemeza mu gacerere, bigatuma uwo mugambi udashirwa mu ngiro ; ku ruhande rwa Kigali, biciye ku Mushikiranganji w’Ububanyi n’Amahanga, Nduhungirehe Olivier, iryo hagarikwa ntiryari rigamije kandidatire ubwayo, ahubwo ryari ryamirira kure ico yise “uburyo bukoreshwa buteye amakenga”, agashinja Umukuru w’UA ari mu mabanga, Nyenicubahiro Ndayishimiye Évariste, Général-Major, kuba yaratanguje iyo ngingo atabanje kugisha inama abakuru b’ibihugu, mu gushikiriza wenyene kandidatire i New York no mu gushiraho ikiringo c’amasaha 24 cafashwe nk’“agahato” ; iyo mpaka kandi yaje yongereye ubukana mu gihe u Rwanda rusanzwe ruri mu bihe bikomeye, kuko ku wa 2 Ntwarante 2026, Ubushikiranganji bw’Imari bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwafatiye ibihano Ingabo z’u Rwanda (FDR) n’abakuru bamwe bamwe bazo, bubagiriza gushigikira umurwi wa M23 mu buseruko bwa RDC no guhungabanya amahoro n’umutekano mu karere ; mu kwishura, Ambassadeur w’Uburundi muri UA, Nyamitwe Willy, yarateye utwatsi ivyo vyagirizwa, ashimangira ko ubwo buryo bwa “silence” ari uburyo busanzwe kandi busanzwe bukoreshwa mu nzego za UA, ko Umukuru wa UA yakoze mu rwego rw’amabanga yahawe, kandi ko kuba ibihugu vyahisemwo guhagarika “silence” ari ikimenyetso c’uko uburyo bwo kuganira no gufata ingingo bukora neza, naho yerekanye ko hari ugukabiriza no gushira ibintu mu vya politike mu mvugo zimwe zimwe zatanzwe ku mugaragaro ; muri rusangi, ibi vyabaye vyerekana itandukaniro rikomeye mu buryo bwo gutwara inzego za UA kandi bigashira ahabona ihindagurika ririko riraba mu rugero rw’ububanyi n’amahanga muri Afrika.
Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Kuwagatandatu 28 Ntwarante 2026