Ibikorwa vyitabweho n’amakoperative y’urwaruka bishigikiwe na PAEEJ vyerekana ubushobozi bw’igisata c’amabuye y’agaciro mu Burundi.
Bujumbura (Uburundi), 26 Ntwarante 2026 (BdiAgnews) – Uburundi bwakoze, ku wa 26 Ntwarante 2026, igikorwa gikomeye co kohereza hanze amabuye y’agaciro agera kuri toni 300, ni ukuvuga konteneri 15, aja mu Ubushinwa, arimwo cane cane quartz yera, amethyste, lithium n’ubundi butare bw’agaciro budasanzwe, ivyo bikaba vyerekana ubushobozi buriko buriyongera bw’igisata c’amabuye y’agaciro mu gihugu, mu gihe isi yose iriko irakeneye cane ibikoresho vy’akamaro kanini mu vy’ubuhinga n’inguvu ; nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji Kibeya Hassan, ivyo bikorwa ni inkingi ikomeye y’iterambere ry’ubutunzi bw’igihugu, anatera akamo urwaruka ngo rwinjire cane muri ico gisata biciye muri Programme d’Autonomisation Économique et d’Emploi des Jeunes (PAEEJ), aho amakoperative y’urwaruka akorera ku bibanza 56 mu gihugu cose ariko arubaka neza uburyo bwo gucukura amabuye y’agaciro mu buryo bwemewe, agatanga akazi kandi agafasha kugabanya ubushomeri, cane cane mu micungararo ; uretse inyungu zo kwinjiza amadovize n’ugufasha kunagura ubudandaji bw’igihugu, aya mabuye nka lithium n’ubutare budasanzwe ari mu ntima y’inganda z’isi yose, cane cane mu gukora amabateri, ibikoresho vy’ikoranabuhanga n’inguvu zisubira, ivyo bikaba bifungura amarembo yo kwinjira mu masoko mpuzamakungu, naho igihugu kikiri mu rwego rwo kohereza hanze ibikoresho bitarongerwa agaciro ; mu kiringo kiringaniye n’igihe kirekire, iterambere ry’ico gisata rizoshingira ku kunagura ibikorwa remezo, kuronka ubuhinga bukwiye, hamwe no gushiraho amategeko asobanutse atuma ayo mabuye acukurwa mu buryo burama, amafaranga agasaranganywa neza kandi igihugu kikaronka inyungu nyinshi biciye mu kuyahingura imbere mu gihugu, ivyo bikaba vyerekana uruhara rukomeye rw’ico gisata hamwe n’urwaruka mu guteza imbere ubutunzi bw’Uburundi.
Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Ku wa kabiri 31 Ntwarante 2026 | Ifoto : PAEEJ, Jumuiya TV, Intumwa Burundi