Impanuka yabereye mu bubiko bw’amasasu y’ingabo yahitanye abanyagihugu n’abasirikare mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.
Bujumbura (Uburundi), 1/04/2026 (BdiAgnews) – Abantu n’imiburiburi 13 bo mu banyagihugu bitavye Imana, abandi 57 barakomereka, harimwo abasirikare batatu, inyuma y’iturika ryabaye ku mugoroba wo ku wa kabiri igenekerezo rya 31 Ntwarante 2026 mu bubiko bw’amasasu y’Igisirikare c’Uburundi buri mu zone Musaga, commune Mugere, mu ntara ya Bujumbura, nk’uko vyemejwe n’umuvugizi w’Igisirikare c’Uburundi (FDNB), Général de Brigade Baratuza Gaspard ; ivyo biturika vyamaze kwitirirwa impanuka yabereye mu bubiko bw’amasasu, bikaba vyateje ingaruka zikomeye haba ku bantu no ku vyabo, cane cane ku banyagihugu baba hafi y’aho vyabereye, mu gihe inzego z’umutekano zikibandanya ibikorwa vyo kugenzura no gukingira ako karere ; iyi mpanuka yabereye mu gace karimwo abantu benshi mu bumanuko bw’umurwa mukuru w’ubutunzi, ikaba yongeye gukebura ku bibazo bijanye n’uburyo bwo kubika no gucungera ibikoresho vya gisirikare mu micungararo y’abantu.
Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Ku wa gatatu 1 Ndamukiza 2026 | Ifoto : Radio Indundi Culture, FDNB