Isuzuma ryiza ry’ibikorwa vya OMS mu Burundi ryashizwe imbere mu mubonano w’ukumusezera.
Bujumbura (Uburundi), 2 Ndamukiza 2026 (BdiAgnews) – Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Général-Major Ndayishimiye Évariste, yakiriye kuri uwu wa kane igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2026 ku Ngoro Ntare Rushatsi, uwuserukira Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho Amagara y’Abantu (OMS) mu Burundi, Dr Xavier Crespin, yari aje kumusezera ahejeje ikiringo ciwe c’amabanga, aho bagiranye ikiganiro cagarutse ku bikorwa vyiza vyakozwe n’iri shirahamwe mu gushigikira imigambi y’igihugu mu gisata c’amagara y’abantu ; uwo mubonano washimangiye intambwe yatewe mu kunagura urwego rw’amagara y’abantu mu Burundi biciye mu bufatanye hagati ya Leta n’Organisation mondiale de la Santé, mu gihe hanashimwe ubufatanye bwiza bwaranze imyaka yose uwuserukira OMS yarimwo akorera mu gihugu, mu gihe igisata c’amagara y’abantu kiguma ari inkingi nyamukuru y’iterambere ry’igihugu.
DAM, NY, AGNEWS : burundi-agnews.org, Ku wa kane 2 Ndamukiza 2026 | Ifoto : Ntare Rushatsi House