Amashirahamwe yombi arongoye ibihugu vyabo yiyemeje gushira mu ngiro ubufatanye bufatika kandi bugaragara.
N’Djamena (Tchad), 26 Ntwarante 2026 (BdiAgnews) – Umurwa mukuru wa Tchad, N’Djamena, wakiriye ku wa 26 Ntwarante 2026 inama yo ku rwego rwo hejuru yahuje Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Nyakubahwa cane Ndikuriyo Révérien, hamwe na Aziz Mahamat Saleh, Umunyamabanga mukuru w’umugambwe Mouvement Patriotique du Salut (MPS) wa Tchad, aho baganiriye ku kuntu bokomeza gutsimbataza ubucuti n’ubufatanye hagati y’ayo mashirahamwe abiri ari ku butegetsi ; iyo nama ikaba ije ikurikira amasezerano y’ubwumvikane (Mémorandum d’entente) yasinyiwe i Gitega mu 2025, aho impande zompi zerekanye ubushake bwo gushira mu ngiro ubufatanye bufatika, bugaragara kandi bushobora gupimwa ; mu vyaganiriweko harimwo cane ikibazo c’ukwegeranya no gukangurira abanyagihugu ibikorwa vya politike, aho bashimye uruhara rukomeye rw’urwaruka n’abakenyezi, nk’inkingi z’iterambere ry’imigambwe, bagaca bumvikana ko bokwongerereza ubumenyi biciye mu mahugurwa n’inama bahuriyemwo kugira basangize uburambe n’uburyo bwiza bwo gukora ; baraganiriye kandi ku bijanye n’intwaro nziza, ugutsimbataza amahoro, n’ukwitegura amatora neza, nk’ibibazo bihuriyeko ibihugu vyinshi vya Afrika, aho ayo mashirahamwe yerekanye ko afise uburambe mu gutwara neza, gushingira ku bumwe bw’igihugu, ukwizigirana n’abanyagihugu hamwe n’ugukunda igihugu ; kugira ngo ivyo vyiyumviro bishirwe mu ngiro, hafashwe ingingo yo gushiraho umugambi w’ibikorwa uhuriyeko, ugizwe n’akanama gahuriweko gakurikirana ishirwa mu ngiro ryavyo hamwe n’ingengabihe y’ibikorwa birimwo n’ugusurana mu birori bikomeye vy’imigambwe yose uko ari ibiri ; iyo nama yitabwe kandi n’abandi bategetsi ba MPS hamwe na Karera Denis, ajejwe amashirahamwe y’urwaruka n’abakenyezi muri CNDD-FDD, ikaba izokwibukwa nk’intambwe ikomeye mu gutsimbataza ubufatanye bwa politike hagati ya Bujumbura na N’Djamena.
Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Ku wa gatanu 3 Ndamukiza 2026 | Ifoto : CNDD-FDD