Hagati y’ukwemera kwa gikirisu n’ivyiyumviro vy’amateka, hari ababona ico gikorwa mu buryo butandukanye.
Gitega , 3 Ndamukiza 2026 (BdiAgnews) – Ku musi wa Vendredi saint, igenekerezo rya 3 Ndamukiza 2026, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Général-Major Évariste Ndayishimiye, azwi nk’umukirisu akomeye, yifatanyije n’umuryango wiwe hamwe n’abakirisu bo kw’isi yose mu kwibuka ububabare bwa Yezu Kristu biciye mu nzira y’umusaraba (Chemin de Croix), igikorwa c’ugusenga no kwibuka ikimazi ca Kristu caje kizanye agakiza ku bantu ; ariko rero, kuva mu 2020 gushika uno musi, ico gikorwa co kwikorera umusaraba kimaze gutuma hari bamwe mu Barundi bagira ivyiyumviro bitandukanye, cane cane abibuka amateka y’igihugu, aho bavuga ko ico kimenyetso gifitaniye isano n’igihe c’ubukoloni catanguye mu kinjana ca 19, kigahindura cane Ingoma y’Uburundi n’imico kama yayo ; kuri abo bantu, ico kimenyetso c’umusaraba kirafitaniye isano n’ivyo bita “umusaraba n’ibendera”, bisigura ihindagurika ry’ubutegetsi bwa kera bw’Ingoma y’Uburundi bwahura n’inyifato zavuye hanze, ivyo bigatuma ico gikorwa kidafatwa gusa nk’ic’idini, ariko kikagira n’ico gisigura ku mateka n’ivyiyumviro vy’abanyagihugu ; muri iyo ntumbero, ico gikorwa kirerekana ukuntu ukwemera kwa kino gihe kubana n’ivyibuka vy’amateka, rimwe na rimwe bikazana ivyiyumviro bitandukanye mu muryango w’Abarundi.
Inyandiko z’ifashishijwe :
– Nahimana Karolero Pascal, Amateka y’Uburundi : Amatariki akomeye mu mateka y’Abarundi n’igihugu ca kera cane c’Afrika – Ingoma y’Uburundi, Éditions Génération Afrique, 2024. 🔗 https://nahimanakarolero.com
– Baranyanka Charles, Uburundi mu rugamba rwo guhangana n’Umusaraba n’Ibendera, Bruxelles, 2015. (« Umusaraba n’Ibendera » bisigura ubumwe bw’amateka bwari hagati ya Vatikano, Ubufaransa – cane cane biciye ku Bapadiri Bera ba Lavigerie –, Ubwongereza, Ubudagi, Ububiligi n’Amerika, bwahagurukiye kurwanya intwaro kama y’Uburundi kuva mu kinjana ca 19.)
– Mu kwezi kwa Ruhuhuma 2025, Union africaine (UA) yaratangaje ku mugaragaro ko ubunyagano, ukwimurirwa abantu ku nguvu hamwe n’ubukoloni ari ivyaha bihambaye cane vyakorewe abantu (crimes contre l’humanité) kandi ko ari n’ibikorwa vya jenoside vyakorewe abantu b’Afrika. Iyo ngingo yemejwe ku wa 16 Ruhuhuma mu nama ya 38 isanzwe y’Abakuru b’Ibihugu na za Reta yabereye i Addis-Abeba, ikaba yarabaye intambwe ikomeye mu rugendo rwo kurondera ubutungane bw’amateka ku mugabane wa Afrika.
Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Ku wa gatanu 3 Ndamukiza 2026 | Ifoto : Ntare Rushatsi House