Ingoma z’Uburundi ziriko zirakwiragiza umuco w’igihugu ku rwego rwa Afrika no kw’isi yose.
Abidjan (Côte d’Ivoire), 9/04/2026 (BdiAgnews) – Uburundi, Ingoma y’Uburundi, ni igihugu c’Ingoma, igihugu c’ubwami bubiri (dyarchie), igihugu c’amateka maremare cane ku mugabane wa Afrika. Umukuru wa mbere ni Karyenda, Ingoma Nyeranda, iserukira Mukakaryenda, Umugore w’Ingoma, arongoye isi itaboneka. Umukuru wa kabiri ni Mwami, aserukira Imana, arongoye isi iboneka, akaba ari umwami w’Uburundi. Abarundi ni abantu b’Ubungoma, ni ukuvuga uburyo bwo kwiyumvira isi bufatiye ku ngoma — Ingoma.
Umugwi w’umuco w’Abarundi witwa Vumera Club, urongowe na Barandaje Jean-Barthélemy, waramaze gushika muri Côte d’Ivoire, aho ugiye kwitabira ihuriro rikomeye mpuzamakungu ryitwa Marché des Arts du Spectacle d’Abidjan (MASA), rizoba kuva ku wa 11 gushika ku wa 18 Ndamukiza 2026. Iri huriro rikomeye rihuza abahanzi bavuye ku migabane yose y’isi. Vumera Club yatowe ngo ihagararire Uburundi n’Africa y’Ubuseruko, ikaba iri gushira imbere umuco w’Uburundi biciye ku ngoma zayo n’imbyino z’akaranga, ibimenyetso bikomeye vyerekana uburanga bw’umuco w’Uburundi bwemejwe no ku rwego mpuzamakungu na UNESCO.
Uku kwitabira iri huriro ni akaryo kadasanzwe ko kumenyekanisha isi yose ubutunzi bw’umuco w’Uburundi, aho buri murindi w’ingoma n’uguhinda kw’imbyino vyose bitanga inkuru y’akaranga k’Uburundi gashinze imizi mu migenzo kama. Uyu mugwi wuzuye umunezero n’ishaka ryo gukora cane, ufise intumbero yo guteza imbere umuco w’Uburundi no gukomeza imigenderanire n’abandi bahanzi bo mu bihugu bitandukanye, mu gusangira uburambe n’ivyiyumviro, ivyo bikaba vyerekana uruhara Uburundi buriko buragira nk’igihugu gifise ijambo mu vy’umuco ku rwego rwa Afrika no kw’isi yose.
IVYIFASHISHIJWE
- Nahimana Karolero Pascal, Histoire du Burundi : Les grandes dates de l’histoire des Barundi et de l’État millénaire africain – Ingoma y’Uburundi, Bruxelles, Génération Afrique, 2024.
- Nahimana Karolero Pascal, Réfugiés du Burundi — Quand Ingoma s’est tu. Histoire géopolitique d’un peuple brisé par la colonialité, Bruxelles, Génération Afrique, 2025.
- Nahimana Karolero Pascal, Burundi : La diaspora burundaise – Du monde, de Belgique et d’ailleurs – Histoire, trajectoires et ancrage, Bruxelles, Génération Afrique, 2025.
- Mbonyingingo Leona, L’Épouse du tambour, Montréal, 2025.
Amasoko : Nahimana P., burundi-agnews.org, Ku wa kane 9 Ndamukiza 2026 | Ifoto : Vumera Club