Isuzuma ryo ku kibuga ku mugambi PSSD2 ryerekanye ivyagezweko n’ingorane zikiriho mu gisata c’uburimyi.
Butanyerera (Uburundi), 14/04/2026 (BdiAgnews) – Mu ntumbero yo gukurikirana no gusuzuma ibikorwa biriko birakorerwa ku kibuga n’ishirahamwe International Fertilizer Development Center, intumwa zifatanije za Reta y’Uburundi n’iryo shirahamwe zagendeye intara ya Butanyerera ku wa 14 Ndamukiza 2026, aho zashitse mu micungararo ya Kayanza na Ngozi, mu gushira mu ngiro umugambi PSSD2 ; izo ntumwa zari zirongowe na Mahoro Anicet, Umuyobozi ajejwe amashirahamwe mpuzamakungu mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, ari kumwe n’umugwi wiwe, zatanguriye urugendo ku mutumba Muruta aho zasuzumye ububiko bubiri bw’ibiraya bwashigikiwe n’uwo mugambi, hanyuma zija i Gitasi mu komine Mwumba kuraba imirima y’uwutegura imbuto z’indimo Niyonzima Félix, zica zibandanya ku mutumba Camugani aho zashimye kubona ububiko bw’ishirahamwe CMVIA ; abaronkejwe uwo mugambi barashimye cane uburyo bw’ubuhinga n’inyungu bahawe n’IFDC, bufasha mu guteza imbere umwimbu, ariko barashikirije ingorane y’ukubura ifumbire FOMI, ituma gutera imbuto bidindira kandi bikagabanya umwimbu, bigaragaza ivyo hakiri gukorwa kugira ngo umwimbu w’uburimyi wiyongere ku buryo burama mu Burundi
.
Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Ku wa gatatu 15 Ndamukiza 2026 | Ifoto : MAEIRCD