Burundi, Uburundi / Ikoranabuhanga : Lumitel yatanguje umugambi munini w’internet yihuta mu micungararo

IKORANABUHANGA, UBUKUNGU, INDERO, ITERAMBERE

Ubufatanye bw’amadorari imiliyoni 10 na PAFEN bugamije gushira 4G ku misozi 86 yo mu gihugu.

Bujumbura, 27/04/2026 (BdiAgnews) – Ishirahamwe Lumitel ryatanguje umugambi munini cane wo gushira internet yihuta mu Burundi mu myaka 12 iheze, biciye mu gushira umukono ku masezerano y’imiliyoni 10 z’amadorari y’Abanyamerika n’umugambi PAFEN (Projet d’Accélération de la Transformation Numérique), mu nyubakwa z’Ubushikiranganji bw’Imari, Ingengo y’Imari n’Ikoranabuhanga, mu birori vyari vyitabwe n’Umunyamabanga ntayegayezwa w’ubwo bushikiranganji, Umuyobozi wa tekinike wa ARCT, Umuyobozi w’Ikigega c’Ikoreshwa Rusangi (FSU), abaserukira Banki y’Isi, hamwe n’izindi nzego z’igihugu.

Uwo mugambi uhabwa amahera angana n’imiliyoni 4,37 z’amadorari avuye muri Banki y’Isi n’imiliyoni 5,63 z’amadorari avuye muri Lumitel, ugamije gushira internet yihuta ya 4G mu micungararo, ku buryo Abarundi barenga 400 000 hamwe n’amashure ashika 300, ari ku misozi 86 iri mu ntara 6 z’igihugu, bazoronka uburenganzira bwo gukoresha internet yihuta.

Ico gikorwa kizofasha guteza imbere indero ikoresheje ikoranabuhanga, ubuvuzi bukoresheje ikoranabuhanga bwa kure (télémédecine) hamwe na serivisi za leta zo kuri internet, bikongera bigafasha kugabanya itandukaniro riri hagati y’ibisagara n’icyaro mu bijanye n’ikoreshwa ry’ikoranabuhanga.

Amasoko : Nahimana P.  : burundi-agnews.org, Ku wa mbere 27 Ntwarante 2026 | Ifoto : RTNB

IKORANABUHANGAINDEROITERAMBEREUBUKUNGU