Muri Somaliya, abasirikare 57 b’Abarundi basozereye inyigisho ku bijanye n’uguhangana n’ibitero vy’ikoranabuhanga
Jowhar (Somaliya), 4/05/2026 (BdiAgnews) – Abasirikare 57 b’Uburundi bari mu murwi wa AUSSOM bahawe, ku wa 4 Rusama 2026 i Jowhar Airfield, impamyabumenyi inyuma y’inyigisho zamaze iminsi 3 ku bijanye n’ugukoresha uburyo bwo guhangana n’ibitero vy’ikoranabuhanga (contre-mesures électroniques) zatanzwe na UNMAS ; izo nyigisho zigamije kubongerera ubushobozi mu gutahura no gukingira ingaruka z’ibisasu vyitwa Engins Explosifs Improvisés (EEI), mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu no gushigikira ibikorwa vyo kugarukana umutekano muri Somaliya.
Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Ku wa kabiri 5 Rusama 2026 | Ifoto : FDNB