Burundi, Uburundi / Uganda : Ndayishimiye Évariste yitavye ibirori vy’irahira rya Museveni Yoweri i Kampala

DIPLOMASI, AFRIKA Y’UBUSERUKA, UBUFATANYE BW’AKARERE

Abakuru b’ibihugu benshi bo muri Afrika bahuriye i Kampala mu birori vy’irahira ry’Umukuru w’Igihugu wa Uganda.

Kampala (Uganda), 12/05/2026 (BdiAgnews)Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Ndayishimiye Évariste, Général-Major, yitavye, ku wa 12 Rusama 2026 i Kampala, ibirori vy’irahira ry’Umukuru w’Igihugu wa Uganda asubiye gutorwa, Nyenicubahiro Museveni Yoweri Kaguta, vyabereye ku kibuga ca Kololo Independence Grounds, ikibanza gisanzwe kibamwo ibikorwa bikomeye vy’igihugu muri Uganda ; Umukuru w’Igihugu c’Uburundi yari ari kumwe n’abandi bakuru b’ibihugu vya Afrika, harimwo Perezida wa Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo, Nyenicubahiro Tshisekedi Félix, mu birori vyitabwe n’intumwa nyinshi z’amakungu zaje gushigikira Uganda ; ukwitabira kw’Uburundi muri ivyo birori biri mu rwego rwo gukomeza imigenderanire myiza n’ubufatanye bw’akarere hagati y’ibihugu bihurikiye mu Muryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Ku wa kabiri 12 Rusama 2026 | Ifoto : Ntare Rushatsi House

AFRIKA Y’UBUSERUKADIPLOMASIUBUFATANYE BW’AKARERE