Burundi, Uburundi / Uganda – Dipolomasi y’amashirahamwe ya politike : Ndikuriyo Révérien yagendeye NRM i Kampala

POLITIKE, DIPLOMASI, UBUFATANYE BW’AKARERE

CNDD-FDD na NRM bariko barakomeza imigenderanire ya kivukanyi n’ubufatanye bwa politike.

Kampala (Uganda), 12/05/2026 (BdiAgnews)Umunyamabanga Mukuru wa CNDD-FDD, Nyakwubahwa kandi akunzwe cane Ndikuriyo Révérien, kuva ku wa 10 Rusama 2026 ari i Kampala muri Repubulika ya Uganda, aho yatumiriwe na mugenzi we wo mu mugambwe National Resistance Movement (NRM), umugambwe uri ku butegetsi muri Uganda ; muri urwo rugendo, harategekanijwe inama n’ibiganiro bitandukanye bigamije gukomeza imigenderanire ya kivukanyi n’ubufatanye hagati y’ayo mashirahamwe ya politike ; Umunyamabanga Mukuru wa CNDD-FDD yitavye kandi ibirori vy’irahira rya Nyenicubahiro Yoweri Kaguta Museveni, Perezida yatowe wa Repubulika ya Uganda, ari kumwe n’abakuru b’ibihugu n’abanyapolitike batandukanye bo mu karere, harimwo Nyenicubahiro Ndayishimiye Évariste, Général-Major, Perezida w’Uburundi.

DAM, NY, AGNEWS : burundi-agnews.org, Ku wa kabiri 12 Rusama 2026 | Ifoto : CNDD-FDD

DIPLOMASIPOLITIKEUBUFATANYE BW’AKARERE