Umukuru w’Igihugu c’Uburundi ahamagarira gukomeza ubumwe bw’uturere mu isi iriko ihinduka.
Antalya (Turukiya), 17/04/2026 (BdiAgnews) – Mu gihe isi iriko irinjira mu bihe vy’isi igizwe n’ibice vyinshi bifise ububasha (multipolaire), Umukuru w’Igihugu c’Uburundi akaba n’Umukuru w’Umuryango wa Afurika uhuza ibihugu (UA) muri iki gihe, Ndayishimiye Évariste, azwi kandi kw’izina rya General Neva, yaritavye ku wa 17 Ndamukiza 2026 ikiganiro c’abarongozi bakuru cabereye mu nama mpuzamakungu ya Antalya Diplomacy Forum ; mu majambo yiwe, yarerekanye ingorane ziguma ziyongera mu migambi yo gutwara isi, avuga ko hari ugusenyuka kw’inzego zimwe zimwe z’ubutegetsi bw’isi, aca atanga iciyumviro co gusubira ku ntango y’ukwubaka ubumwe mu turere, kuko ari bwo buzofasha gukomeza amashirahamwe akomeye mpuzamakungu nka African Union n’United Nations, mu ntumbero yo guhuza uburyo bwo gutwara isi n’ibihe vy’ubu.
Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Ku wa gatanu 17 Ndamukiza 2026 | IFOTO : Ntare Rushatsi House