Itegeko ry’Ubufaransa ryatumye haba impaka mu banyapolitike ba panafricanisme
Bujumbura, 20/02/2026 (BdiAgnews) – Mu gihe isi iriko irinjira mu bihe bishasha vya jeopolitike birangwa n’uguhiganwa kw’ibihugu n’ukwiyemeza kw’Afurika kwigenga, Reta y’Ubufaransa yasohoye kw’igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2026 itegeko rifunga umutungo w’Umwarimu Nyamsi Franklin mu kiringo c’amezi atandatu, hisunzwe amategeko y’imari y’Ubufaransa ; iryo tegeko ryashizweko umukono na Minisitiri w’Umutekano n’uwo Ubukungu, rikaba rifata amahera n’ibindi vyose vy’ubutunzi bimwegukira canke bigenzurwa na we, hamwe n’ibigo vyose vyokora ku bw’inyungu ziwe, rikaba ribuza ko hari amafaranga canke ubutunzi bimushikirizwa muri ico kiringo, ariko akagira amezi abiri yo gutanga uburira canke gusaba ko iryo tegeko risubirwamwo ; iri fatwa ryateje impaka mu banyepolitike ba panafricanisme, aho rifatwa nk’ikimenyetso c’ingingo ya politike mu gihe hari umugwi w’abaharanira kwigenga kwa Afurika, barwanya ivyo bita « colonialité », Nyamsi Franklin akaba ari umwe mu bayoboye uwo murongo mu bihe bishasha vya politiki y’isi.

Amasoko : Nahimana P., http://burundi-agnews.org, Ku wa Gatanu 20 Ruhuhuma 2026 | Ifoto : nigerdiaspora.net





