Burundi – Canada : Ubufatanye mu bijanye n’amabuye y’agaciro muri PDAC 2026

Inama hagati ya Minisitiri Kibeya n’umuyobozi wo muri Canada

Toronto (Canada), 04/03/2026 (BdiAgnews) – Mu gihe hari hariko habera inama mpuzamakungu y’abahinga mu vy’amabuye y’agaciro PDAC 2026, Umuyobozi wo muri Canada ajejwe Afrika, Cheryl Urban, yaraganiriye na Minisitiri w’Uburundi ajejwe Amabuye y’Agaciro, Ingufu, Inganda, Ubudandaji n’Ingenzi Kibeya Hassan ; ivyo biganiro vyibanze ku gukomeza imigenderanire y’ubutunzi hagati y’Uburundi na Canada mu rwego rw’amabuye y’agaciro hamwe no kwongereza ubushobozi bw’abahinga n’inzego zikora muri urwo rwego, mu gihe Uburundi buriko burarondera gukoresha neza ubutunzi buri mu kuzimu kugira bukomeze gukurura abashoramari no guteza imbere ubutunzi bw’igihugu.

Amasoko : Nahimana P. :  http://burundi-agnews.org, Ku wa Kane 05 Ntwarante 2026 | Ifoto : Ressources Minières, Énergétiques