Igitabu gishasha gisigura ihindagurika rya geopolitike riri mu karere ka Sahel kandi gisaba ko Afrika yubaka ubumwe bwa politike.
Bujumbura, 15/03/2026 (BdiAgnews) – Umwanditsi w’igitabu Réinventer le Burundi, Bigirimana Jean — yahoze ari umushikiranganji w’ugutwara abantu n’ibintu, amaposita n’itumanaho mu ntwaro ya mbere ya Perezida Nkurunziza, kandi akaba n’umunyapolitike yiyemeje gukorera igihugu — ari mu banyabwenge b’Abarundi bibaza ku kazoza k’Uburundi n’Afurika. Kuri 13 Ntwarante 2026, yasohoye mu nzu y’ugusohora ibitabu Les Éditions du Net igitabu ciwe citwa La révolution sahélienne : Appel à l’unité africaine. Muri iki gitabu, Bigirimana Jean yifadikanije n’ivyiyumviro vyavuzwe na Sindayigaya Jean-Marie mu gitabu Renaissance de l’Afrique par les Valeurs de l’Africanité-Ubuntu. Muri iki gitabu c’impapuro 136, umwanditsi asesengura ihindagurika rya geopolitike riri kubera mu karere ka Sahel, agahamagarira ibihugu vya Afrika kwubaka ubumwe bwa politike kugira bihangane n’ingorane z’umutekano, ubutunzi n’ingingo za strateji zo mu kinjana ca XXI. Mu gusigura ibi bibazo afatiye ku ciyumviro co kwibohora ku bukoloni n’ingaruka zabwo, abona ko Alliance des États du Sahel (AES) ari ikimenyetso gikomeye c’uko Afrika ishaka kwigenga. Aributsa ko ubumwe bwa Afrika budashobora gushingira ku mfashanyo ziva hanze, ahubwo ko bugomba kwubakwa n’abanyagihugu ubwabo, cane cane urwaruka, abagore n’abo mu diaspora. Nk’uko abivuga, ubumwe bwa politike bwa Afrika — bushingiye ku gisirikare rusangi, amafaranga rusangi, isoko rusangi n’ubudipolomasi bumwe — ni bwo bushobora gukomeza umutekano w’ibihugu no kworohereza uguhanahana ubutunzi, imico n’abantu. Iki gitabu kirakomeza rero ivyiyumviro umwanditsi asanzwe ashiraho ku bijanye n’iterambere rya Afrika n’ukwiyubaka kwa strateji kw’uyu mugabane, gushingiye ku bushobozi bw’abantu bawo, ku butunzi bwawo bwa kamere no ku bumenyi bwawo.
Iki gitabu gisohotse mu gihe gikomeye cane, aho Uburundi burongoye Umuryango wa Afrika Yunze Ubumwe (UA) mu kiringo c’umwaka umwe. Mu vy’ukuri, umugambi wa African Standby Force (ASF) — ingabo za Afrika zitegerezwa kwitegura ibikorwa vy’umutekano — uragenda urushiriza kuba ngirakamaro muri iki gihe isi yinjiye mu bihe bishasha vy’isi ifise imbaraga zitandukanye (multipolaire). Izo ngabo za ASF zishobora no gukomeza ubushobozi bw’ishirahamwe AES mu gihe kiri imbere.
Inyandiko zifashishijwe :
– Bigirimana Jean, La révolution sahélienne : Appel à l’unité africaine, Les Éditions du Net, Bruxelles, 2026.
– Bigirimana Jean, Réinventer le Burundi : L’énergie, l’agriculture, les TIC et l’éducation comme fondements du futur, Les Éditions du Net, Bruxelles, 2025.
– Sindayigaya Jean-Marie, Renaissance de l’Afrique par les Valeurs de l’Africanité-Ubuntu, Bruxelles, 2023.
– Ndagijimana Benjamin, Une nation en marche : 60 ans de pièges déjoués — Ndayishimiye et le nouveau chapitre du Burundi, Éditions Burundi Imprimerie, Bujumbura, 2026.
– Nahimana Karolero Pascal, Réfugiés du Burundi — Quand Ingoma s’est tu. Histoire géopolitique d’un peuple brisé par la colonialité, Génération Afrique, Bruxelles, 2025.
Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Ku wa mungu 15 Ntwarante 2026





