Burundi / Uburundi : Ibitaro vya Kabezi bifise ikibazo c’aho kwakirira abarwayi kidahagije

Umugambi wo guhuriza hamwe ibitaro vyari ku bibanza bibiri warahagaze kubera ikibazo c’uburyo.

Bujumbura, 16/03/2026 (BdiAgnews) – Ibitaro vy’intara vya Kabezi, biri mu komine Mugere, mu ntara ya Bujumbura, biriko birahura n’ikibazo c’ubukene bw’ivyumba n’aho kwakirira abarwayi, nk’uko vyashikirijwe kuri uwu wa mbere na muganga arongoye ivyo bitaro, Dr Havyarimana Thérence, yamenyesheje ko ivyo bitaro bikorera ku bibanza bibiri bitandukanye biri ku mpande zibiri z’ibarabara RN3, ivyo bikaba bituma kwakira no kuvura abarwayi bigorana ; umugambi wo guhuriza hamwe ivyo bibanza mu nyubakwa imwe y’igorofa watangujwe n’urwego OBUHA warigeze gutangura ariko ubu urahagaze ; nk’uko uwo muganga abivuga, uwo mugambi warashikirijwe komine Mugere hamwe n’ibitaro vya Kabezi, ibikorwa bikaba biriko birabandanya biciye mu bikorwa vy’iterambere rusangi (TDC), aho bageze ku ntambwe yo kwubaka inkingi z’igorofa rya mbere inyuma y’igorofa ryo hasi, mu ntumbero yo kuzotuma abarwayi baronka aho bakirwa neza mu bihe biri imbere.

Amasoko : Nahimana P.:  burundi-agnews.org, Ku wa kabiri 17 Ntwarante 2026 | Ifoto : ABP