Uburundi buriko burigaragaza kw’isi yose biciye mu buhinge bw’umuco n’inkuru z’abarundi.
La Haye (Ubuholandi), 22/03/2026 (BdiAgnews) – Uburundi bwongeye kwerekana ubushobozi bwabwo ku rwego mpuzamakungu mu vy’umuco, aho ku wa 22 Ntwarante 2026 herekanwe ku ncuro ya mbere filime Sacred Beer mu birori bikomeye vya The Movies That Matter Festival i La Haye, filime yakozwe na Zeppers Film & TV igaragaza urugendo ruteye intege rwa Kavakure John Christian, umurundi akaba n’umuyobozi mukuru w’Amabrasseries de Flobecq, amaze kumenyekana kw’isi yose mu buhinga bwo gukora inzoga, aho yaronse umudari w’inzahabu mu 2021 i Bruxelles mu mahiganwa mpuzamakungu ya Monde Sélection ku nzoga yiwe TRIPLE RED FLO BIO, yatsinze mu bihiganwa vyarimwo ibicuruzwa birenga 3 100 bivuye mu bihugu 90 ; iyo filime ntiyerekana gusa inkuru yiwe, ahubwo irerekana n’ukugaruka kwiwe mu gihugu ciwe c’amavukiro mu ntumbero yo gusubizaho umuco wo gukora inzoga y’ibitoke, igice gikomeye c’ubuzima bw’Abarundi gifitaniye isano n’amavuka, urukundo n’akababaro, mu gihe kandi ishira ahabona uguhangana hagati y’uwo muco kama n’ugukomera kw’amashirahamwe mpuzamakungu mu vy’inzoga muri Afrika ; intumwa z’Uburundi zari i La Haye zarimwo Ndayishimiye Paul, ashinzwe ivy’ikorwa (senior production), Nimubona Excellent, ashinzwe igice c’ikorwa ryafatiwe mu Burundi (executive production), hamwe na Mudogi Salvator, umukuru wa zone Bwiza, aho Kavakure akomoka, bose bagashimangira ko ico gikorwa ari akaryo keza ko kumenyekanisha ishusho y’Uburundi, gushira imbere impano z’Abarundi no kwerekana ko igihugu gishoboye gukorana n’amashirahamwe mpuzamakungu yo ku rwego rwo hejuru, mu gihe inganda z’umuco n’ubuhinga bwo guhanga ziriko ziragaragara nk’inkingi ikomeye mu guteza imbere ubutunzi, guhanga udushasha no kumenyekanisha igihugu kw’isi yose.


Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Ku wa gatanu 27 Ntwarante 2026 | Ifoto : Nimubona Excellent, Akiwacu Magazine, Akeza.net, Movies that Matter (Den Haag)





