Urugendo rw’igihugu rw’Umunyamabanga Mukuru wa CNDD-FDD rugamije gukomeza inzego n’iterambere
Gitega, 22/02/2026 (BdiAgnews) – Inyuma y’iminsi 20 hatangujwe ku mugaragaro urugendo rw’igihugu ku wa 02 Ruhuhuma 2026 i Muramvya, Umunyamabanga Mukuru wa CNDD-FDD, uwuriko arakunzwe cane Révérien Ndikuriyo, amaze kugendera amakomine 15 mu gihugu cose, mu ntumbero yo gusubiramwo no gukomeza inzego z’umugambwe ku rwego rw’ishimikiro, gukomeza ubumwe n’ukwihutisha ishirwa mu ngiro ry’imigambi yihutirwa yemejwe n’Inama Nkuru idasanzwe yo ku wa 25 Nzero 2026 ; mu biganiro yagiranye n’abarongoye umugambwe ku rwego rw’intara, komine, zone n’imitumba, yashize imbere uburongozi buhindura ibintu (leadership transformationnel), indero n’ubushobozi bw’inzego, gusubiza ku murongo indangagaciro z’Ubuntu, no gushira imbaraga mu nyigisho z’urwaruka biciye muri porogarama TURERERE UBURUNDI, mu gihe kandi yahuza ukwikangurira politiki n’iterambere ry’ubutunzi rishingiye ku bikorwa bifatika nk’imirima y’ikawa n’amavoka, ibiterwa ngirakamaro n’indi migambi y’ubutunzi bw’abanyagihugu, mu ntumbero yo gushigikira no gushira mu ngiro Imbonakazoza 2040-2060 itwarwa n’Umukuru w’Igihugu.

Amasoko : Nahimana P., http://burundi-agnews.org, Ku wa Gatanu 20 Ruhuhuma 2026 | Ifoto : CNDD-FDD





