Burundi / Diaspora : Umugambwe CNDD-FDD mu Bubiligi wahuriye mu nama

Ihuriro ry’ishami rya CNDD-FDD mu Bubiligi

Lot (Ububiligi), 07/03/2026 (BdiAgnews) – Ishami ry’umugambwe CNDD-FDD mu Bubiligi ryahuriye i Lot mu nama yabereye mu mwuka mwiza w’ubuvukanyi, ihuriro ry’Abagumyabanga bo muri diaspora y’Abarundi baba mu Bubiligi ryari rigamije guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’ihindagurika rya politiki mu Burundi, hari n’abanyacubahiro batandukanye bo muri ako karere ; abari bitavye iyo nama barakeje Nyenicubahiro Ndayishimiye Évariste, Général-Major akaba n’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, ku gutorerwa kurongora Ubumwe bwa Afrika (UA), bongera barakeza Ndikuriyo Réverien, Umunyamabanga Mukuru wa CNDD-FDD, ku gusubira gutorerwa kurongora uwo mugambwe wa mbere mu gihugu ; muri iyi si iriko irahinduka igana ku mpande nyinshi (multipolaire), Abagumyabanga baraganiriye kandi ku bibazo bijanye na jeopolitike, politiki n’iterambere ry’ubutunzi n’imibano, hamwe n’uruhara diaspora ifise mu guteza imbere igihugu, inama irangira mu mwuka w’ubuvukanyi n’akanyamuneza aho basangiye akanyobwa n’ifunguro.

Amasoko : Nahimana P. : http://burundi-agnews.org, Ku wa Gatandatu 07 Ntwarante 2026 | Ifoto : CNDD-FDD Belgique