Burundi : Ntabona Adrien yasohoye igitabu ku migani n’agaciro kayo

Igitabu kivuga ku ndangagaciro n’ivyitwa antivaleurs mu migani y’Uburundi

Bujumbura, 07/03/2026 (BdiAgnews) – Mu muco w’ivyiyumviro vy’Abarundi ukomoka ku Ubungoma — kamere y’Isi yiyumvirwa mu buryo bw’Ingoma nyeranda Karyenda — kandi havamwo ivyiyumviro vy’Ubuntu, Umupatiri Ntabona Adrien yashize ahabona ku mugaragaro igitabu gishasha citiriwe Valeurs et antivaleurs dans des proverbes du Burundi. Ico gitabu gifise amapaji 90 kigamije gufasha abasomyi gutahura neza insiguro z’imigani y’Abarundi no gutandukanya imigani ikomeza indangagaciro z’Ubuntu, Iteka (icubahiro n’iteka ry’umuntu), hamwe n’ukwicisha bugufi, n’ishobora gutwara ivyiyumviro bitubomora. Ico gitabu kigurishwa amafaranga 30.000 BIF, kandi gishobora no gukoreshwa nk’igikoresho c’ubushakashatsi n’isesengura ry’amateka ku bwenge n’umuco w’Abarundi.

Ibitabo vyifashishijwe :
– Nahimana Karolero Pascal, Réfugiés du Burundi — Quand Ingoma s’est tu. Histoire géopolitique d’un peuple brisé par la Colonialité, Bruxelles, Génération Afrique, 2025.
– Ntabona Adrien, L’Ubuntu ( Humanité réussie ), ses roses et ses épines au Burundi, Bujumbura, Cirid, 2020
– Ntabona Adrien, Les bashingantahe repères vivants de l’Ubuntu, Bujumbura, Cirid, 2022
– Sindayigaya Jean-Marie, Renaissance de l’Afrique par les Valeurs de l’Africanité-Ubuntu, Bruxelles, 2023
– Nahimana Karolero Pascal, Histoire du Burundi : Les grandes dates de l’histoire des Barundi et de l’État millénaire africain – Ingoma y’Uburundi, Bruxelles, Génération Afrique, 2024.

Amasoko : Nahimana P.: http://burundi-agnews.org, Ku wa Mbere 9 Ntwarante 2026 | Ifoto : Magazine Jimbere