Burundi / Uburundi : Pasiporo zirenga 140 z’Abarundi zatawe mu Buraya, ikimenyetso c’ubwimukira buteye amakenga

Minisitiri Bizimana Edouard aragabisha ku ngeso zonona isura y’Uburundi.

Bujumbura, 13/03/2026 (BdiAgnews) – Mu gihe isi yacu isigaye irangwa n’ububasha bw’ibihugu vyinshi (multipolarité), kuva mu 2020 Uburundi bwinjiye mu nzira y’ubutunzi bwa néolibéralisme bwiyongereye cane, ivyo bikaba vyatumye urwaruka rwinshi rw’Abarundi rujabuka rujya mu mahanga, bamwe ntibabe bagishaka kuguma mu gihugu, bagakunda cane ubuzima bw’i Buraya. Minisitiri w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Bizimana Edouard, yatangaje ku wa 13 Ntwarante 2026 ko pasiporo zirenga 140 z’Abarundi zatoraguwe mu bidengeri vy’imyanda mu Buraya, cane cane muri Serbia, inyuma y’uko bamwe mu Barundi bari bagiye gukorera muri ico gihugu basanzaye mu bindi bihugu vy’i Buraya bamaze kuhagera. Nk’uko yabivuze, bamwe muri abo bantu bata pasiporo zabo ku bushake kugira ntibamenyekane mu masezerano y’akazi yari yarasinywe hagati y’Uburundi n’ibihugu bibakira. Yongeye kumenyesha ko Abarundi bashika 240 bari mu mvuto z’icagateganyo muri Koreya y’Epfo, bitewe n’ingorane zijanye n’ibyangombwa vy’urugendo rwabo, yongera yibutsa ko amategeko n’inzira zemewe n’igihugu ari zo zikwiye gukurikizwa, cane cane mu bijanye n’inyigisho z’ururimi rw’italiyano zigenewe abashaka kuja gukorera mu Butaliyano. Nk’uko ubushikiranganji bubivuga, abakozi b’Abarundi bashika 21 642 baramaze kurungikwa mu mahanga biciye mu bigo vyemewe n’amategeko, benshi baja muri Arabia Saoudite, ariko kandi no mu Emirats Arabes Unis, Qatar, Oman, Albania na Serbia. Minisitiri yarababajwe cane n’ingeso y’abo Barundi 140 bari bagiye gukorera muri Serbia bagahera mu kirere, bagata pasiporo zabo ari zo nyandiko z’umutungo wa Leta y’Uburundi, zaje gusubizwa ubushikiranganji n’abategetsi ba Serbia. Amakuru avuga ko bamwe muri abo bantu boba bari mu Bubiligi, ivyo bikaba, nk’uko yabishimangiye, bishobora kwonona isura y’Uburundi no gutuma abafatanyabikorwa bahagarika icizere bari bafitiye igihugu.

Amasoko : Nahimana P.  : http://burundi-agnews.org, Ku wa gatanu 13 Ntwarante 2026 | Ifoto : MAEIRCD Burundi, Yaga