Abategetsi basaba abanyagihugu gutekana inyuma y’amasasu yumvikanye mu bumanuko bw’umurwa mukuru w’ubutunzi.
Bujumbura (Uburundi), 31 Ntwarante 2026 (BdiAgnews) – Ibiturika bikomeye vyumvikanye ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 31 Ntwarante 2026, mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, cane cane mu duce twa Musaga, Kanyosha na Gasekebuye, bituma abahatuye bagira ubwoba ; nk’uko vyasiguwe n’umuvugizi w’Igisirikare c’Uburundi (FDNB), Général de Brigade Baratuza Gaspard , ivyo biturika vyatewe n’impanuka ikomeye y’umuyagankuba yabereye mu bubiko bw’amasasu buri muri « Camp Base » i Musaga, mu gihe inzego z’umutekano ziriko zirakora uko zishoboye kugira zigenzure ico kibazo ; ubutumwa bwashikirijwe kandi biciye ku RTNB busaba abanyagihugu baba muri utwo duce kuguma batekanye no kwirinda kwegera aho vyabereye kugira ntihagire izindi mpanuka zibaho mu gihe abajejwe ubutabazi n’umutekano bariko barahakorera ; ubwo butumwa nyene bushigikiwe na Minisiteri ijejwe umutekano w’igihugu ibicishije mu gipolisi c’Uburundi (PNB), yemeza ko imigwi ibifitiye ububasha iriko irakora kugira ishobore gukingira no gutuza ico kibazo, mu gihe abategetsi bashimangira ko ari impanuka itari igitero, kandi ko ata kibazo c’umutekano giteye ubwoba kiriho.


Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Ku wa kabiri 31 Ntwarante 2026 | Ifoto : Ikiriho, Iris News





