Communiqué: appel à la solidarité pour les sinistrés des inondations

DIASPORA BURUNDAISE AU BENELUX

Appel au secours et demande d’aide pour nos frères et sœurs compatriotes sinistrés suite aux pluies diluviennes au Burundi

Chers membres de l’organisation de la diaspora burundaise au Benelux, burundaises, burundais.

Avant toutes choses, nous commençons par vous saluer en vous souhaitant la paix de Dieu dans vos maisons, dans les lieux où vous séjournez et dans vos familles. Nous vous souhaitons de passer de bonnes fêtes de Noël et un excellent réveillon de fin d’année. Nos meilleurs vœux pour 2020.

Lorsque nous avons entendu et vu les images des personnes, des maisons et toutes sortes de biens emportés par des torrents de boues, nous avons été stupéfiés et très touchés. Nos compatriotes ont tout perdu et il ne leur reste que les habits qu’ils portaient sur eux.

  Le gouvernement leur a apporté une aide d’urgence, mais cela ne suffit pas. Il faudrait les aider à pouvoir se réinstaller de manière durable.

Au Burundi, nous avons une tradition d’entraide, que ce soit dans les bons ou les moments difficiles. Je vous encourage donc chers amis, à répondre positivement à notre appel. Que chacun donne selon ses possibilités.

Voici le compte où vous pouvez déposer vos dons : BE12 0003 2584 1992.

Nous avons la ferme volonté d’apporter notre contribution à cette solidarité, en tant qu’organisation de la diaspora via un « Fond de Secours Diaspora Benelux ».

Dans les prochains jours, nous vous inviterons à venir réfléchir sur la façon de nous organiser pour démarrer ce fond de secours, qui pourra être, à mon humble avis,  d’une grande utilité dans l’avenir que ce soit ici ou au pays natal. J’ai confiance que vous soutiendrez ce projet.

Pour tout contact: diaspobenelux@gmail.com 

Merci.

Bureau Provisoire du Président

Niyonkuru Jean-Roger


Itangazo.

Gutabariza no gufasha benewacu bashikiwe n’ikiza c’imvura y’isegenya mu Burundi.

Barundi, Barundikazi, Banywanyi b’urunani rw’Abarundi baba muri Benelux.

Tubanje kubaramutsa kandi tubipfuriza amahoro y’Imana mungo zanyu, mu karere muherereye mwo no mumiryango yanyu. Tubipfurije kandi iminsi mikuru ya Noweri n’umwaka muhire wa 2020.

Aho tumariye kwumva no kubona ingene abarundi bashikiwe n’ikiza c’imvura y’isegenya yambuye ubuzima abantu, kandi ikongera igatwara amazu n’ibindi vyinshi, twaguye mugahundwe kandi vyaratubabaje cane. Ubu benshi muri bo basigaranye agashambara bambaye gusa.

Naho inzego za leta zabagarukiye ko zikabaha infashanyo yihuta, murazi neza ko ibikenewe ari vyinshi kugira ngo abo benegihugu basubire kuba nkuko bari babayeho imbere yico kiza.

Kuva na kera narindi abarundi twamye dufashanya mubihe bibi canke mukanyamuneza. Turabasavye bavukanyi ko umwe wese yoterera ico afise, naho ibigora abantu bitabura. Dusanzwe tuzi ko mufasha muri vyinshi, ariko turabasavye dushimitse ko mwogira ako kigoro tukagarukira kubacu babuze ayo bacira nayo bamira.

Inomero ya compte mwobicishako ni : BE12 0003 2584 1992.

Hari umugambi nipfuza ko twogira wo gutanguza ikigega co gutabara ca diaspora yabarundi baba muri Benelux « Fond de Secours Diaspora Benelux ».

Ejo aho bukera tuzobahamagara turabire hamwe ingene dushobora gushira mungiro uwo mugambi, nimwaba muwushigikiye. Kandi nta nkeka ko muzowushigikira kuko ni umugambi mwiza cane uzoshobora gufasha muri kazoza abarundi bo mugihugu n’abarundi bo muri diaspora. Uwushaka gushigikira yobimesha: diaspobenelux@gmail.com 

Murakoze.

Urwego rw’imfatakibanza rw’umuyobozi

Niyonkuru Jean-Roger