Partage

Bane mu bantu 28 bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu Burundi mu kwezi kwa gatanu mu mwaka uheze, bakatiwe igifungo ca burundu.
Bahanishijwe kandi kubuzwa kurangura akazi ka leta ako ariko kose ikiringo c’imyaka cumi.
Abo bari mu mugwi wa mbere w’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi itariki 13 z’ukwa gatanu 2015.
Batatu muri bo bemera icaha kimwe muri bitatu baregwa, ico naco akaba ari ico gushaka gutembagaza inzego zirongoye igihugu.
Abo nabo ni Gen. Cyrille Ndayirukiye, Gen. Juvenal Niyungeko (batazira Kiroho), Gen de Brigade Zenon Ndabaneze na Gen. Maj Nimenye Hermenegilde.
Iyindi migwi
Umugwi wa kabiri nawo ugizwe n’abantu icenda, bafise amapeti ya Colonel, Major na Capitaine, bakaba bakatiwe igifungo c’imyaka 30, hamwe no kutarangura akazi kare leta ako ariko kose imyaka cumi.

Abagize umugwi wa gatatu nabo ni umunani, bakaba ari abashoferi hamwe n’abasirikare bato bato bari bajejwe gucungera umutekano w’intwazangabo, aba bakaba bakatiwe gufungwa imyaka itanu.
Umugwi wa nyuma ugizwe n’abantu indwi, bobo bakaba bambitswe izera, muribo abazwi akaba ari nk’umusirikare wa kera Col Jean Bosco Daradangwe, Gen. Prime Ngowenubusa na Hagabimana Richard.
Abasomewe uno munsi bose bari bitavye sentare, bakaba bafise ikiringo c’iminsi mirongo itatu yo kwunguruza ku bihano bahawe.
Ababunganira ariko siho bari bari, kiretse uwaserukiye umugambwe CNDD FDD wari wasavye inshumbusho, yabwiye BBC ko bababajwe n’uko ico kibazo ataco cavuzweko.
Gushaka gutembagaza ubutegetsi
Abasirikare b’u Burundi bari barongowe n’uwahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi, Gen Cyrille Ndayirukiye hamwe na Gen Godefroid Niyombare (ubu yahunze igihugu), batangaje ku maradiyo yigenga ko batembagaje ubutegetsi, irakiki 13/05/2013.
Bavuga ko baharanira kwubahiriza amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa shingiro ry’u Burundi.

Ico gihe umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yari hanze y’igihugu muri Tanzania, aho yari yitavye inama ku kibazo c’u Burundi.
Bukeye abasirikare barongowe n’umugaba w’ingabo, Gen. Maj. Prime Niyongabo, batanye mu mitwe n’abatembagaje ubutegetsi mu micungararo y’iradiyo y’igihugu, barabanesha, mirongo ibiri n’umunani bakatiwe uno munsi barafatwa abandi bahasiga ubuzima.
Ibintu vyaje gusubira mu buryo, umukuru w’igihugu aratahuka.
Kugerageza gutembagaza ubutegetsi vyakurikiye imyiyerekano yo kwiyamiriza gusubira kwitoza kwa Prezida Nkurunziza, imyiyerekano yari imaze hafi indwi zitatu mu gisagara ca Bujumbura.