ITANGAZO RYO KUBIKA
Umuryango w’Umuhisi Jérôme NDIHO uri n’umubaro mwinshi wo kubikira incuti, ababanyi n’abagenzi urupfu giturumbuka rwashikiye umuvyeyi akaba na sekuru w’ibibondo Jérôme NDIHO ku wa Kane 7/1/2021 bivuye kw’isanganya ry’imodoka ryabereye i Bujumbura. Bimenyeshejwe abana biwe bari mu BUBIRIGI, muri AMERIKA, muri CANADA no muri CONGO ; abakomoka : kuri Zakariya KAMEYA bari ku MENA Komine KABEZI, kuri Paul MIREREKANO bari ku KIBOGOYE-KAVUMU : kuri Petero BARAMPAMA na Maritino NDAYAHUNDWA bari mu MASAMA i MBUYE, kuri NZISABIRA bari mw’ISHOMBO, kuri Salvator NKUNZIMANA na Balthazaro BARANSANANIYE bari i Ngozi, kuri Etienne RIZIKI bari i GITEGA ; umuryango wa Emile NIJIMBERE uri i BUYENGERO, imiryango ya Pasitori Esidrasi MAGANGA na Fideli BARATERANYA iri mu CIBITOKE ca RUGOMBO, umuryango ya Commissaire Général wa OBR Audace NIYONZIMA, uwa Didace NYANZIRIYE, uwa Léandre SIKUYAVUGA, Uwa Melchior WAGARA, uwa Severino NTIBATINGESO, uwa François MPITABAKANA n’uwa Ferdinand NTAHONDUHUKIYE Iri i BUJUMBURA. Bimenyeshejwe kandi abo bakoranye mu mugambwe CNDD-FDD, mu Rwego rw’Umuhuza w’abarundi, mu Bushikiranganji bwo Kumenyesha Amakuru, Kw’Iradio Nkuru na Tereviziyo vy’Igihugu, abo bafashanije mu gutanguza umuhari w’abasaveri mu Burundi, abawurikiyemwo bari muri Paruwase Mutumba, n’ababikira Bene Tereziya. Ikigandaro kibera ku rugo iwe mu Gihosha, avenue MURINZI numéro 11. Amaziko azobera kw’itongo ryiwe riri ku MENA muri komine KABEZI. Umunsi w’amaziko muzowumenyeshwa hanyuma.
COMMUNIQUE DE DECES
La famille de Feu Jérôme NDIHO a la profonde douleur d’annoncer le décès de Feu Jérôme NDIHO survenu le 7/1/2021 à BUJUMBURA, suite à un accident de roulage. Ce communiqué s’adresse spécialement à ses enfants se trouvant en Belgique, aux Etats Unies d’Améèrique, au Canada et en RDC, à la famille de : Feu Zacharie KAMEYA de MENA commune KABEZI, Feu Paul MIREREKANO de KIBOGOYE-KAVUMU, Feu Pierre BARAMPAMA et Feu Martin NDAYAHUNDWA se trouvant à MASAMA commune MBUYE, Feu Patrice NZISABIRA de SHOMBO à MURAMVYA, Feu Salvator NKUNZIMANA et Feu Balthazar BARANSANANIYE de Ngozi, Feu Etienne RIZIKI de GITEGA, aux familles du Pasteur Esdras MAGANGA et Fidèle BARATERANYA de CIBITOKE/RUGOMBO, à la famille : du Commissaire Général de l’ OBR Audace NIYONZIMA, de Didace NYANZIRIYE, de Léandre SIKUYAVUGA, de Melchior WAGARA, de Severin NTIBATINGESO, de François MPITABAKANA et de Ferdinand NTAHONDUHUKIYE se trouvant à BUJUMBURA. Ce communiqué s’adresse également aux Bagumyabanga du CNDD-FDD, au personnel de l’Ombudsman, au Ministère en charge de la Communication, à la RTNB, aux membres Mouvement Xavéri qui ont initié son implantation au Burundi et particulièrement ceux de la Paroisse MUTUMBA ainsi qu’à la Communauté des Sœurs Bene Terezia. Le deuil familial se fait à son domicile se trouvant à Gihosha, av. MURINZI n° 11. L’enterrement est prévu à sa propriété se trouvant à MENA commune KABEZI. La date vous sera communiquée ultérieurement.
Personnes de contacts :
Burundi (Afrique) :
Maria Goretti Mirerekano +32 494 151602
Belgique (Europe) :
Paul Rumata Ndiho
+32 478 219390
IBAN BE64 3631 8228 3652
BIC BBRUBEBB
rumata76@hotmail.com
Canada (Amérique du Nord) :
Alain-Franck Nkurunziza
+18195807844
Nkuruaf@yahoo.fr
Twakiranye umubabaro urupfu rw'intwari mu gukunda igihugu Jérôme Ndiho. Ukwitanga n'ubuhizi vyamuranze mu rugamba rwo guhabuza demokarasi mu Burundi ntivyabaye impfagusa. Turahojeje umuryango n'incuti ziwe, Imana ibakomeze.
— SE Evariste Ndayishimiye (@GeneralNeva) 8 janvier 2021