Ifoto yashizwe ahabona na CVR yongeye gukangura impaka ku Ingoma y’Uburundi
Bujumbura, 25/02/2026 (BdiAgnews) – Muri iyi si y’imbaraga nyinshi (multipolaire) isaba buri wese gusubira kwiyumvira amateka yiwe, ukwibuka Ingoma y’Uburundi kurasubira kwibonekeza nk’akabirizi (braise) twari twibaze ko kahorotse. Ku wa Gatatu, uwubahwa cane Ndayicariye Pierre Claver, Perezida wa CVR y’Uburundi, yashize ku rubuga rwiwe rwa X ifoto ya Mwami Mwambutsa Bangiricenge ari kumwe n’Umwamikazi Baramparaye : ifoto isa n’iyoroshe, ariko yikoreye ibihe vy’imyaka ijana vy’ukuvunika n’ugucikamo ibice. Inyuma y’iyo foto, haragaragara iryo bara rikomeye ry’igihe c’ubukoloni, aho Umwamikazi Kanyonga—yahinduwe Kanyonga Thérèse mu 1944—yinjiye mu nzira ya gikatolika yarezwe n’ubukangurambaga bwo guhindura idini bwo mu myaka ya 1930, mu gihe Bangiricenge we yagumye yifatanya n’Ubungoma, n’Ubuntu vy’abenewabo. Muri iyi nkuru, umwaka w’1929 ni wo wabaye ihuriro ry’amateka: Mukakaryenda, Ruburisoni, umwigeme w’ikirangamuntu gifatanye n’Ingoma n’Ishaka ryayo, yahinduwe ku nguvu mu gikatolika, yitwa Maria Ruburisoni, bituma ishingiro ry’inzego za Karyenda—Ingoma yera, yafatwa nk’umutekano n’ukuri kw’Ubungoma—ritangura kuzimangana, nk’aho Ingoma yacitse ukuguru kwa kabiri, ari kwo dyarchie ya Karyenda/Mwami yahora iha uburinganire n’insiguro ubutegetsi bw’Abarundi. Kuva ico gihe, ubwami bwasigaye bwonyene, busezerewe n’inkingi imwe, mu gihe imiryango n’amaruko vyasubira gutunganywa mu bihe vy’amagorwa: Umwamikazi Kanyonga, nyina wa Rwagasore Louis, Iribagiza Rosa Paula na Kanyange Régina, avugwa ko akomoka mu muryango ufitaniye isano na Mwami Mutaga Senyamwiza (umuryango w’Abatabazi); Umwamikazi Baramparaye (1927–2007), wo mu muryango w’Abakundo (urwaruka rwa Mwami Ntare Rutshatsi), ni we nyina wa Mwami wa nyuma w’Uburundi, Ntare Ndizeye. Haca haza ibihe vy’ugutandukana kwa politike: 1965–1966, ihanguka ry’Ingoma y’Uburundi n’ukuhunga kwa Mwambutsa Bangiricenge mu Busuwisi; 1972, Jenoside (ihanguka ry’Ubumu) hamwe n’urugomo rwo kwica Mwami—regicide—aho Ntare Ndizeye yishwe mu buryo bw’agahomerabunwa mu nkurikizi z’ivuka rya Repubulika (ubutegetsi bushasha bwa neokoloniale); 2007, na yo, urupfu rw’Umwamikazi Baramparaye i Gitega. Ni ko rero ifoto imwe, uno munsi, isubira kwugurura impaka: impaka z’ukudaheranwa kw’akaranga, ukwiyubaka bushasha kwa souveraineté, n’amateka y’Uburundi aguma yivugira, hagati y’ukwibuka, umuco w’ukwemera, na jeopolitike.
Inkomoko / Ibitabu vyifashishijwe :
– Nahimana Karolero Pascal, Histoire du Burundi : Les grandes dates de l’histoire des Barundi et de l’État millénaire africain – Ingoma y’Uburundi, Éditions Génération Afrique, 2024. 🔗 https://nahimanakarolero.com
– Mbonyingingo Leona, L’Épouse du tambour, Montréal, 2025.
– Nahimana Karolero Pascal, Réfugiés du Burundi — Quand Ingoma s’est tu. Histoire géopolitique d’un peuple brisé par la colonialité, Bruxelles, Génération Afrique, 2025. 🔗 https://nahimanakarolero.com
– Sindayigaya Jean-Marie, Renaissance de l’Afrique par les Valeurs de l’Africanité-Ubuntu, Bruxelles, 2023.
– Ntabona Adrien, L’Ubuntu (Humanité réussie), ses roses et ses épines au Burundi, Bujumbura, Cirid, 2020.
– Baranyanka Charles, Le Burundi face à la Croix et à la Bannière, Bruxelles, 2015. (Ijambo « La Croix et la Bannière » risobanura ihuriro ry’amateka rihuza Vatican, Ubufaransa—cane cane biciye ku bamisiyonari Pères Blancs ba Lavigerie—Ubwongereza, Ubudagi, Ububiligi na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, mu kurwanya urutonde rw’umuco n’ubutegetsi bwa kera bw’Abarundi kuva mu kinjana ca XIX.)
– Muri Ruhuhuma 2025, Ubumwe bwa Afurika (UA) bwemeje ku mugaragaro ko ubucakara, ukwimura abantu ku nguvu (déportation) n’ubukoloni ari ivyaha vyibasiye inyokomuntu (crimes contre l’humanité) kandi bikaba ari n’ibikorwa vy’itsembabwoko (actes de génocide) vyakorewe amahanga y’Abanyafurika. Ico cemezo, cafashwe ku wa 16 Ruhuhuma mu nama ya 38 isanzwe y’Abakuru b’Ibihugu n’Intwaro yabereye i Addis-Abeba, ni intambwe ikomeye mu kurondera ubutungane bw’amateka ku mugabane.

Amasoko : Nahimana P., http://burundi-agnews.org, Ku wa Kane 26 Ruhuhuma 2026 | Ifoto : CVR Burundi (@burundi_cvr), Ligue Monarchique du Burundi






