Burundi : Kwemeza urutonde rw’imiti itangwa gusa ku rupapuro rwa muganga

Inama yo kwemeza LNMPO – Edition 2026

Bujumbura, 04/03/2026 (BdiAgnews) – Mu rwego rwo gukomeza politiki y’igihugu mu bijanye n’amagara y’abantu, Umunyamabanga ntayegayezwa muri Minisiteri y’Amagara y’Abantu mu Burundi, Dr Sinarinzi Pierre, ari kumwe n’intumwa y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu (OMS) mu Burundi, yuguruye i Bujumbura inama yo kwemeza urutonde rw’igihugu rw’imiti itangwa gusa ku rupapuro rwa muganga (LNMPO) – Edition 2026 ; iyo nama ihuza inzego z’ubuvuzi, abahinga, abafatanyabikorwa n’abaserukira amashirahamwe y’abanyagihugu kugira basuzume bongere bemeze verisiyo nshasha y’iyo nyandiko ihambaye igamije gutuma imiti itangwa ku rupapuro rwa muganga ihuye n’ivyo ubuvuzi n’amategeko y’Uburundi bisaba ; ivyo bizofasha gukingira abanyagihugu ikoreshwa ritari ryo ry’imiti, gukomeza uruhara rw’abahinga mu gutanga imiti hakurikijwe amategeko, gukurikirana neza imiti iri ku isoko no kurwanya imiti mpimbano canke iri ku rugero ruto rw’ubuziranenge, mu gihe OMS yashimye igikorwa cakozwe n’Ikigo kijejwe kugenzura imiti n’ibifungurwa mu Burundi (ABREMA) kandi igashimangira ko izobandanya gufasha Leta y’Uburundi kugira abanyagihugu bashobore kuronka imiti itekanye, ikora neza kandi ifise ubuziranenge.

Amasoko : Nahimana P.: http://burundi-agnews.org, Ku wa Gatatu 04 Ntwarante 2026 | Ifoto : Ministère de la Santé Publique Burundi