Ivyemezo vy’akamaro vyafashwe na ONU bishira ahabona ihinduka rikomeye mu kwemera ivyaha vyakozwe mu bucakara no mu bukoloni.
New York (ONU), 25 Ntwarante 2026 (BdiAgnews) – Kuva mu kinjana ca 19, kirangwa n’ibihe vy’ubukoloni vyagize ingaruka zikomeye ku bihugu nka Ingoma y’Uburundi, Afrika iguma ihangana n’ingaruka z’ico bita “colonialité”, mu gihe ibiganiro ku mateka n’ivyibutso vy’abantu biguma bifata indi ntumbero ; ku wa 25 Ntwarante 2026, mu gihe hizihizwa umunsi mpuzamakungu wo kwibuka abagizwe abaja n’ubucuruzi bw’abirabura bwaciye ku nyanja ya Atlantique, Inama Nkuru ya ONU yemeje icemezo c’amateka gishira ubucuruzi bw’Abanyafrika bagizwe abaja hamwe n’ubucakara bushingiye ku rukoba mu rwego rw’ivyaha bikomeye kuruta ibindi vyakorewe abantu, ico cemezo kikaba carashikirijwe na Ghana mu izina ry’umugwi w’Afrika kikemezwa n’ibihugu 123 vyagishigikiye, 3 bikacanka (Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Israël, Argentine) n’ibindi 52 vyifashe, harimwo ibihugu vyose bigize Umuryango w’Ubumwe bw’Uburaya hamwe n’Ubwongereza ; iri yemezwa rishira mu murongo w’ivyo Afrika yari yatanguye gushira imbere, cane cane muri Ruhuhuma 2025 aho Ubumwe bwa Afurika (UA) bwemeje ku mugaragaro ko ubucakara, ugutwarwa kw’abantu n’ubukoloni ari ivyaha vyakorewe abantu kandi ko ari ibikorwa vy’itsembabwoko vyakorewe Abanyafrika, ico cemezo kikaba carafashwe ku wa 16 Ruhuhuma mu nama igira 38 y’abakuru b’ibihugu n’intwaro yabereye i Addis-Abeba, kikaba carabaye intambwe ikomeye mu rugamba rwo kurondera ubutungane ku mateka ya Afrika ; naho iri yemezwa mpuzamakungu ridafise inguvu zo mu mategeko zihana ivyabaye, kubera amategeko adashobora gusubira inyuma, rifise agaciro kanini cane ku ruhande rw’imyiyumviro n’ivy’inyifato mu kwubaka ukwibuka kw’isi yose, kandi ritanguza bushasha ibiganiro ku bijanye n’indishi, ukwicuza kw’ibihugu, indishi ku bakomoka ku bagizwe abaja, ugusubiza ibintu vy’umuco vyasahuwe hamwe no kurwanya ivangura, mu gihe isi iriko irahinduka igana ku buryo bushasha bw’imigenderanire mpuzamakungu aho ikibazo c’ubutungane ku mateka gifise ikibanza gikomeye cane.
Inkomoko :
– Baranyanka Charles, Le Burundi face à la Croix et à la Bannière, Bruxelles, 2015. (« La Croix et la Bannière » désigne l’alliance historique entre le Vatican, la France – notamment via les Pères Blancs de Lavigerie –, l’Angleterre, l’Allemagne, la Belgique et les États-Unis contre l’ordre traditionnel burundais depuis le XIXᵉ siècle.)
– Nahimana Karolero Pascal, Histoire du Burundi : Les grandes dates de l’histoire des Barundi et de l’État millénaire africain – Ingoma y’Uburundi, Éditions Génération Afrique, 2024. 🔗 https://nahimanakarolero.com
– Nahimana Karolero Pascal, Réfugiés du Burundi — Quand Ingoma s’est tu. Histoire géopolitique d’un peuple brisé par la colonialité, Bruxelles, Génération Afrique, 2025. 🔗 https://nahimanakarolero.com


Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Ku wa kabiri 31 Ntwarante 2026 | Ifoto : ONU , Adama Tembley






