Burundi, Uburundi / Politike – Makamba : Abagumyabanga bo muri Gatabo bahimbaje intsinzi y’amatora ya 2025

Abanywanyi ba CNDD-FDD bashimiye intsinzi y’amatora n’ibikorwa vya Leta mu karere ka Gatabo.

Makamba (Burunga), 28/03/2026 (BdiAgnews) – Ku wa gatandatu igenekerezo rya 28 Ntwarante 2026, abagumyabanga bo muri zone Gatabo, komine Makamba, barahimbaje intsinzi baherutse kuronka mu matora ya 2025, mu birori vyaranzwe n’akanyamuneza n’ugusangira, aho banakengurukiye cane ivyiza bamaze kugerako biciye ku bikorwa vya Leta Mvyeyi itahengeshanya kubafasha mu buzima bwa misi yose ; ivyo birori vyatewe iteka n’ubuserukizi bw’umugambwe CNDD-FDD muri komine Makamba, bwashimye uruhara rw’abagumyabanga mu gutsimbataza imigambi ya politike n’iterambere mu karere, mu gihe abari bitavye ivyo birori bashimangiye ukwiyemeza kubandanya gushigikira ibikorwa vy’iterambere n’ubumwe mu gihugu.

Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Ku wa gatatu 1 Ndamukiza 2026 | Ifoto : CNDD-FDD BURUNGA