Burundi , Uburundi / Dipolomasi – Ububiligi : Ntahiraja Thérence akomeza gutsimbataza imigenderanire i Bruxelles

Kwiyitaba umuhuro w’abadipolomate vyamufashije gukomeza imigenderanire mpuzamakungu.

Bruxelles (Ububiligi), 13/04/2026 (BdiAgnews)Intumwa nkuru y’Uburundi mu Bubirigi, Ntahiraja Thérence, yaritavye umusangiro w’abadipolomate wateguwe na Press Club Brussels Europe, urubuga ruzwi cane ruhuriramwo abamenyeshamakuru, abadipolomate n’abakora mu vy’itumanaho ; muri uwo muhuro, uwo mudipolomate w’Uburundi yarashimiye cane Laurent Brihay, umuyobozi mukuru w’ico kigo, ku bw’ugutumirwa, kuko vyamuhaye akaryo ko kugirana imigenderanire myiza n’abategetsi batandukanye bo i Bruxelles hamwe n’abandi badipolomate bakorera mu Bubirigi ; uwo muhuro uje wiyongera ku bikorwa bigamije gutsimbataza imigenderanire mpuzamakungu no guteza imbere ikibanza c’Uburundi mu bibuga mpuzamakungu biri i Bruxelles.

Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Ku wa mbere 13 Ndamukiza 2026  | IFOTO : Amb. Ntahiraja Thérence