Burundi , Uburundi / Albanie : Vumera Club yaronse Agashimwe kadasanzwe mu Birori Mpuzamakungu vy’Imico kama i Vlora

Ingoma z’Uburundi zashimiwe kubera inguvu zazo n’ubutunzi bw’umuco ku rubuga mpuzamakungu.

Vlora (Albanie), 26/05/2026 (BdiAgnews) – Umugwi w’akaranga w’Abarundi Vumera Club, urongowe na Barandaje Jean-Barthélemy, warangije neza cane ukwitabira kwawo mu Birori Mpuzamakungu vy’Imico kama vyabereye i Vlora muri Albanie kuva ku wa 22 gushika ku wa 26 Rusama 2026, mu gutsindira Agashimwe kadasanzwe (Igikombe c’Umuco) katanzwe n’abateguye ivyo birori.

Nk’uko amakuru yatangajwe aho yabereye avyerekana, umugwi w’Uburundi warigaragaje cane biciye ku bikorwa vyawo vy’indirimbo n’Ingoma vyaranze umudiho ukomeye, inguvu n’ubutunzi bw’akaranga k’Ingoma z’Uburundi, ivyo bikaba vyarakwegereye imitima y’abari bitavye ibirori. Ico gikombe cahawe abo bahanzi na Ervis Moçka, arongoye Inama y’Intara ya Vlora, yashimye ubudasa bw’umuco hamwe n’agaciro k’isi yose uwo mugwi washikanye ku rubuga rwa Aulona Internacional Folk.

Ukwo kumenyekana ku rwego mpuzamakungu kwerekana kandi agateka k’Akaranga k’Abarundi, gatwarwa cane cane n’imigenzo y’Ingoma y’Uburundi, yanditswe kuva mu 2014 ku rutonde rw’intoranwa z’akaranga k’isi zikingiwe na UNESCO. Kuri Vumera Club, iryo teka ryerekana ukwiyemeza kubandanya kumurikira isi umuco n’akaranga k’Uburundi.

Uburundi, bwahoze bwitwa Ingoma y’Uburundi, ni Leta- Ngoma (Ingoma), imwe mu bihugu vy’Iciwa ry’Ingoma, ritwarwa n’Ubungoma, isanzure ry’ivyiyumviro vy’Ingoma.

Inkomezi :

– Nahimana Karolero Pascal, Histoire du Burundi : Les grandes dates de l’histoire des Barundi et de l’État millénaire africain – Ingoma y’Uburundi, Bruxelles, Génération Afrique, 2024.
– Nahimana Karolero Pascal, Histoire des imiryango : Les Bajiji — Abajiji, Bajiji, Wajiji, Jiji : Du Burundi au Mwene Mwezi : À l’origine de l’Ubungoma, d’Ingoma et de l’Ubumu : Cosmologie, État et système socio-économique du tambour sacré, Bruxelles, Génération Afrique, 2026.
– Mbonyingingo Leona, L’Épouse du tambour, Montréal, 2025.
– Nahimana Karolero Pascal, Burundi : La diaspora burundaise – Du monde, de Belgique et d’ailleurs – Histoire, trajectoires et ancrage, Bruxelles, Génération Afrique, 2025.

 

 

 

 

Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Ku wa kabiri 26 Rusama 2026 | Ifoto : Vlora News / Vumera Club