Agashimwe mpuzamakungu kerekana ibikorwa vyiza vyitaho imibereho myiza y’abanyagihugu.
Bruxelles (Ububiligi), 19/04/2026 (BdiAgnews) – Uburundi bwongeye kwibonekeza neza ku rwego mpuzamakungu inyuma y’itangazwa ry’uko Agashimwe k’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ku bijanye n’abanyagihugu – umwaka wa 2026 (mu gisata c’amashirahamwe) kagiye guhabwa Fondation Bonne Action Umugiraneza, ishirahamwe riyoborwa n’Umufasha w’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Ndayubaha Angeline; aka gashimwe gakomeye gatangwa n’United Nations kagenewe gushimira ibikorwa vy’indashyikirwa vy’iyo fondasiyo mu guteza imbere imibereho myiza y’abanyagihugu mu Burundi no mu karere ; Intumwa nkuru y’Uburundi mu Bubirigi, Ntahiraja Thérence, yarashikirije akeza n’ishimwe ryiwe ku Mupfasoni wa Perezida, anashimira ONU ku kubona no gushimira ivyo bikorwa vyiza vyakorewe abanyagihugu ; na we nyene uwaronse ako gashimwe yavuze ko abishimira cane, ashimira umugwi wiwe, abafatanyabikorwa n’abamushigikira bose ; Umukuru w’Igihugu, Ndayishimiye Évariste, na we yarakeje uwo mupfasoni, avuga ko iryo shimwe rije gushimangira ibikorwa vyiza vyakozwe no guteza iteka Uburundi ku rwego mpuzamakungu.

Amasoko : Nahimana P. : burundi-agnews.org, Ku wa mungu 19 Ndamukiza 2026 | IFOTO : Le Burundi aux Nations Unies (New York) – Ntahiraja Thérence ; Fondation Bonne Action Umugiraneza ; Présidence du Burundi





