Burundi, Uburundi / Ubudagi : Ubuserukizi bw’Uburundi i Berlin burakomeza imigambi yo gufasha abakenyezi bimukira mu mahanga

Hariko harategurwa ubufatanye bwo gufasha Aburundikazi bo i Berlin kwinjira mu kazi.

Berlin (Ubudagi), 16/04/2026 (BdiAgnews) – Intumwa y’Uburundi mu Budagi, Sendazirasa Annonciata, yarahuye ku wa 16 Ndamukiza 2026 na Nathalie Le Bescond, ajejwe imigambi y’ishirahamwe Frauenalia, rifasha abakenyezi bimukira mu mahanga mu kwinjira mu buzima bushasha no kurondera akazi ; muri uwo muhuro, uwo mudipolomate yaserukiwe na Habonimana Claudine, umwe mu bagize urwo rwego, aho bagiranye ibiganiro vyuzuye kandi vy’ingirakamaro, bishobora gutuma haba ubufatanye bufatika bugirira akamaro Aburundikazi baba i Berlin, aho Frauenalia ikorera cane ; mu biganiro vyabaye, Nathalie Le Bescond yaratanze kandi amakuru n’imirongo ngenderwako ifasha bijanye n’ayandi mashirahamwe afasha abakenyezi bimukira mu mahanga ari hanze ya Berlin, bikongera amahirwe yo gufasha Aburundikazi baba mu turere dutandukanye two mu Budagi.

     

Amasoko : Nahimana P.  : burundi-agnews.org, Ku wa kane 16 Ndamukiza 2026 | Ifoto : Ambassade du Burundi à Berlin