Burundi , Uburundi / Bujumbura : Buramatari yakoranye inama n’abajejwe komine Mukaza ku mutekano n’iterambere

Abajejwe intwaro basabwe gukomeza kwegeranya neza amakori no gukorana cane n’inzego z’umutekano.

Bujumbura, 13/05/2026 (BdiAgnews)Buramatari w’intara ya Bujumbura, Général-Major Aloys Ndayikengurukiye, yakoranye kuri uyu wa gatatu 13 Rusama 2026 inama n’abajejwe intwaro muri komine Mukaza yabereye ku Ngoro y’Umujyi wa Bujumbura, kugira baganire ku mutekano no ku bibazo vy’iterambere rya komine ; Buramatari yashimye ko umutekano wifashe neza muri rusangi, ariko asaba abajejwe intwaro gukomeza gukorana cane n’inzego z’umutekano no gukangurira abanyagihugu gutanga inkuru ku gihe igihe babonye ibikorwa canke abantu bateye amakenga ; ku bijanye na politike y’imibano n’ubutunzi ku rwego rwa komine, yashimye intambwe imaze guterwa ariko agaragaza impungenge ziva ku kwegeranya guke amakori n’amatagisi ya komine, asaba ko hobaho gukurikirana neza amafaranga yinjira kugira ashigikire imigambi y’iterambere ; ku ruhande rwiwe, Umuyobozi wa komine Mukaza, Aline Bigirimana, yarashimiye Buramatari ku nama yateguye no ku gushigikira komine, anashima imigenderanire myiza iri hagati ya komine n’inama mpanuzwajambo, hamwe n’utwigoro turiko turakorwa mu kurondera inyishu z’ibibazo vyugarije komine.

 

 

Amasoko : Nahimana P.  : burundi-agnews.org, Ku wa gatatu 13 Rusama 2026 | Ifoto : Province de Bujumbura