Burundi : CNDD-FDD Rorero ikomeza gutegura iterambere ry’akarere

Irakoze Gilbert na Manirakoze Félicité mu nama ya zone Rorero

Gitega (komine Mwaro), 08/02/2026 (BdiAgnews) – Muri zone Rorero habereye inama y’umugambwe CNDD-FDD iyobowe na Irakoze Gilbert, LJ Rorero, ari kumwe n’umwungirije Manirakoze Félicité. Iyi nama yahuje indongozi zo ku rwego rw’akarere mu ntumbero yo gukomeza gutunganya umugambwe ku rwego rw’ibanze, kunagura itegurwa ry’iterambere ry’akarere mu mbonezamigambi y’igihe kirekire no gukomeza ibikorwa vy’iterambere rusangi.

Mu muco w’Abarundi, politiki yubakiye ku masezerano no ku bufatanye hagati ya miryango n’amaluko. Mu 1959, biciye ku tegeko ry’umukoloni w’Umubiligi, ni ho hafashwe ingingo yo guhindura ayo mategeko no guhatira Abarundi gukora politiki biciye mu migambwe, bituma sosiyete y’Uburundi iva ku muco w’Ubuntu, uw’“twebwe”, yinjira mu buryo bw’ikiriberari bushira imbere “je”.

Ibitabu vyifashishijwe :

– Nahimana Karolero Pascal, Itahe ry’Uburundi : Iminsi mikuru mu mateka y’Abarundi n’Ingoma y’Uburundi nyafurika y’imyaka igihumbi, Bruxelles, Génération Afrique, 2024. (Igitabu canditswe mu gifaransa).

Amasoko : Nahimana P., http://burundi-agnews.org, Ku wa Kane 19 Ruhuhuma 2026 | Ifoto : Irakoze Gilbert