Burundi, Uburundi / Ubutungane n’ukwiyunga : CVR yatanguye gusuzuma amatati y’amatongo n’itunga ry’abandi

Ingingo za mbere ku matati y’amatongo zitezwe mu ndwi zibiri zizokurikira.

Bujumbura, 10/04/2026 (BdiAgnews) – Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cabaye kuri uyu wa 10 Ndamukiza 2026 i Bujumbura, Komisiyo y’Ukuri n’Ukuyunga (CVR) yatangaje ko yatanguye gusuzuma amatati ajanye n’amatongo n’itunga ry’abandi, igikorwa cahora kirangurwa na Komisiyo y’Igihugu ijejwe amatongo n’ibindi vy’abantu (CNTB), bikaba ari intambwe nshasha mu gutorera inyishu ibibazo vyakomotse ku bihe vy’indyane igihugu caciyemwo; nk’uko vyasiguwe na Ndayicariye Pierre-Claver, imigwi y’abatohoza yamaze gushirwa mu ntara itandukanye imaze kwegeranya amadosiye 640 mu ntara ya Bujumbura, 145 i Gitega, 43 i Butanyerera, 1 059 i Burunga na 59 i Buhumuza, mu gihe ingingo za mbere zijanye n’izo ntara zitanu zitezwe mu kiringo c’indwi zibiri; iki gikorwa kirerekana uruhara runini CVR iriko iragira mu gutunganya ibibazo vy’amatongo n’ivy’itunga, bifise isano n’ukwibuka amateka, gutanga ubutungane no gutsimbataza ukwiyunga mu gihugu c’Uburundi.

Amasoko : Nahimana P.  : burundi-agnews.org, Ku wa gatanu 10 Ndamukiza 2026 | Ifoto : Burunga News